China: Umunyamakuru yatanze amakuru igihe coronavirus yaduka i Wuhan arapfunzwe

Comments Off on China: Umunyamakuru yatanze amakuru igihe coronavirus yaduka i Wuhan arapfunzwe

Originally published by BBC on December 29, 2020

Umumenyeshamakuru w’Umushinwa yakoze amakuru igihe coronavirus yaduka mu gisagara ca Wuhan yaciriwe umunyororo w’imyaka ine.

Zhang Zhan yagirijwe “guteza imigumuko n’uruhagarara”, ikintu abaharanira uburenganzira bwa muntu bakunze kwagirizwa muri ico gihugu.

Uyu munyamakuru w’imyaka 37 yahoze ari umushingwamanza, yahagaritswe mu kwa gatanu, akaba amaze amezi atari make yisonzesha mu kwerekana akababaro kiwe. Abamuburanira bavuga ko amagara yiwe ageze habi.

Umupfasoni Zhang ni umwe mu banyamakuru bahuye n’ibibazo kubera bakoze amakuru igihe ikiza ca coronavirus caduka muri Wuhan.

Mu Bushinwa ibinyamakuru nta burenganzira bifise vyo gukora mu bwisanzure, mu gihe abategetsi bazwi ko bahiga buhongo abaharanira uburenganzira bwa muntu hamwe n’inderetsi, bagafatwa nk’ababangamiye utwigoro twa reta two kurwanya iki kiza.

Ren Quanniu, umwe mu baburanira Zhang Zhan avuga ko atewe impungenge n’amagara yiwe mu mubiri no mu mutwe, akavuga ko aremvye kandi ko acisonzesheje mu kwerekana akababaro kiwe.

Ren avuga ko umukiriya wiwe “yacitse intege” igihe uru rubanza rusomwa kandi ko na nyina wiwe yaturikishije akarira.

Umugarariji

Mw’ireresi y’ikiganiro yagiranye n’umuhinga w’amareresi imbere y’uko ahagarikwa, umupfasoni Zhang yavuze ko yafashe ingingo yo kuja mu gisagara ca Wuhan mu kwa kabiri inyuma y’aho asomeye inkuru yari yanditswe n’umuntu yaba muri ico gisagara avuga ingene ubuzima bwari bwifashe mu gihe c’iki kiza karanda.

Amaze gushikayo, yaciye atangura gutohoza ku vyo yari agize iminsi abona ku mabarabara no mu mavuriro biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, n’aho abategetsi bamutera ubwoba, kandi amakuru yiwe akaba yarahanahanywe cane ku mbuga hwaniro.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zima muntu Network of Chinese Human Rights Defenders (CHRD) rivuga ko amakuru yiwe yavuga no kw’ipfungwa ry’abandi bamenyeshamakuru bigenga hamwe n’ikubagurwa ry’imiryango yabuze abayo yarondera gutunganirizwa.

Mw’ireresi y’ico kiganiro BBC yashoboye kuronka, avuga ati: “Kumbure ndi umugarariji…jewe ndiko ndondera ukuri. Kubera iki ntashobora kwerekana ukuri?”.

“Si ndiko ndahagarika igikorwa canje kuko iki gihugu ntigishobora gusubira inyuma”.

Umupfasoni Zhang yabanje kuburirwa irengero ku wa 14 z’ukwa gatanu nk’uko bivugwa na CHRD. Haciye umusi umwe, yagiye kumenyekana ko yari mu minwe y’igiporisi i Shanghai, ku birometero birenga 640 uvuye Wuhan.

Yaciriywe urubanza mu kwa cumi na rimwe. Yagirizwa ko”yakwiragije ibinyoma abicishije mu nyandiko, mw’ireresi n’ubundi buryo bwo gukora inkuru, abicishije ku mbuga ntangamakuru nka za WeChat, Twitter na YouTube”.

Yagirizwa kandi ko yemeye kugirana ibiganiro n’ibinyamakuru vyo hanze hamwe n’ibindi “bifise intumbero mbi yo gukwiragiza” amakuru atari yo ku bijanye n’uwu mugera i Wuhan. Yari yasabiwe umunyororo w’imyaka iva kuri ine gusthika kuri itanu.

Urubanza rubabaje

Mu kwiyamiriza ihagarikwa ryiwe, umupfasoni Zhang yarahagaritse gufungura, akavugwa ko amagara yiwe ameze nabi cane.

Zhang Keke, umwe mu baburanira umupfasoni Zhang, yasohoye itangazo aho avuga ko igihe aja ku muraba mu ntango z’uku kwa cumi na kabiri, yamubwiye ko bamugaburiye ku nguvu bakoresheje uturingoti. Avuga kandi ko yaguma amenetse umutwe, afise ibizunguzungu kandi aribwa mu nda.

Uyu mushingwamanza avuga ati: “Mu gihe apfunzwe amasaha 24 kuri 24, akenera uwumufasha kugira aje mu bwiherero, akaguma agaragurika mw’itiro. Yumva yananiwe kandi akaba ari mu mubabare uko bukeye uko bwije”.

Umupfasoni Zhang yarigeze guhagarikwa mu 2019 igihe yashigikira abagira imyiyerekano muri Hong Kong.

Leo Lan, umushakashatsi mw’ishirahamwe CHRD, avuga ko uru rubanza zwa Zhang “rubabaje cane”.

Yabwiye BBC ati: “Uru rubanza yaciriwe ruraremereye cane. Reta y’Ubushinwa ifise intumbero yo kumuzivya no gutera ubwoba abandi banyagihugu bagerageje kwerekana ivyabaye i Wuhan”.

“Ndafise impungenge kw’iherezo ry’abandi banyamakuru bandi bapfunzwe bazira gukora amakuru ku vyabaye kuri kino kiza”.

Mu ntango z’uno mwaka, hari n’abandi bamenyeshamakuru batanze amakuru kuri iki kiza i Wuhan – Li Zehua, Chen Qiushi na Fang Bin – nabo nyene baburiwe irengero mu ntango z’uno mwaka.

Li yagiye kuboneka mu nyuma avuga ko yashizwe ku nguvu mu kibanza ca wenyene, mu gihe Chen Qiushi avugwa ko ari kumwe n’umuryango wiwe ariko acunzwe n’ubutegetsi. Fang Bin wewe nta wuzi irengero ryiwe gushika uyu mwanya.

Back to Top